Ku wa mbere, Werurwe 28, 2016 isaha yo mu karere 07:10
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

    Amakuru

    ONU: Abasilikare Bafata ku Nguvu Bazahanwa

    Inama Nkuru ya ONU y’Uyu Mwaka Yaraye Itanguye

    Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon amenyesha ko hakwiye gufatwa ingingo zikomeye mu kurandurana n’imizi ingeso igayitse y’abasirikare baryo baharanira amahoro bama bagirijwe ibikorwa vyo gufata abakenyezi ku nguvu.

    Ivyo yabishikirje ku italiki ya 10 y’ukwezi kwa 3 umwaka wa 2016 mu nama y’ibihugu 15 bigize akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano ku isi.

    Ban Ki Moon yamenyesheje ko mu mwaka uheze hashikirijwe ivyagiriji 69 kubasirikare ba ONU kandi ngo bituma ONU itizigirwa n’abanyagihugu abo basirikare baba barungitswe gukingira.

    Ban asaba ibihugu biba vyarungitse abo basirikare kwihuta kubacira imanza mu bihugu vyabo kandi agasaba ko amatohozwa atorenza amezi atandatu.

    Asaba kandi ko abasirikare bokwagirwa, imishahara yabo yoca irungikwa gushumbusha abakenyezi bakorewe ayo mabi.

    Reta zunze ubumwe z’Amerika nizo zateguye urwo rwandiko rw’ivyo bihano. Bitegekanijwe ko rwemezwa nk’icemezo mu nama ku italiki 11 y’ukwezi kwa 3 umwaka wa 2016.

    Vuga icyo utekereza kuri uru rubuga
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga