Ku wa gatatu, Nzeli 24, 2014 isaha yo mu karere 12:01
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 Radiyoyacu
 Kira
 Tujahe

 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

Ibirimo / Rwanda

Muri Libya, Umurwi Mistrati Ushaka Gufuta Inama Nshingamateka

Igihugu ca Libya casubiye mu kandi kajagari ka politike, mur’iki gihe abagwanyi b’abaIslamiste bariko bashaka gufuta inama nshingamateka.

Inyubakwa yariko yaka umucanwa. Abantu bavyiboneye bavuga kw'iyo nyubakwa yarashwe rockete, igihe imirwi idacana uwaka yitwaje ibigwanisho, yariko iaratana mu mitwe, muri district yo ku murwa mukuru Tripoli yitwa, Sarraj kw'igenekerezo rya 24 ry'ukwezi kw'umunani, 2014.

Ako kama gatewe inyuma y’aho abo bagwanyi b’abaislamiste bafatiye ikibanza c’indege co ku murwa mukuru Tripoli.

Inyuma y’aho abo bagwanyi bava mu gisgara kiri ku kivuko citwa Misrata bafatikye ikibanza c’indege co  ku murwa mukuru Tripoli, ejo ku musi wa mungu , baciye batera akamo gasaba kw’inama nshingamateka ya kera isubizwaho.

Abo bagwanyi bavuga kw’abashingamateka batowe mu kwezi kwa gatandatu, bagize uruhara mu bitero vy’indege vyakozwe ku gisagara ca Misrata, aho ibirindo vyabo vyari ku kibanza c’indege, igihe bariko batana mu mitwe m u kiringo c’indwi zitandatu n’uwundi murwi w’abagwanyi bava mu mitumba yo mu ntara ya Zintan, bariko bagwanira gufata ico kibanza c’indege.

Inama nshingamateka ikorera mu gisagara ca Tobruk kiri ku biromtero 1600 vy’umukurwa mukuru Tripoli, bavuga kw’abo bagwanyi bo mu gisagara ca Misrata, ar’abagwanyi bakora ibitero vy’iterabwoba, co kimwe n’uwundi murwi w’abagwanyi witwa Ansar al- Sharia, umaze kwigarurira ibice 80% vy’igisagara ca Benghazi kiri mu buseruko.

Inama nshingamateka yavuze kw’iyo mirwi yose ikwiye guterwa n’abasirikare b’igihugu ca Libya, gushika ubu, kitarashobora guhagarika ubwicanyi kuva mu mwaka w’2011, Moammar Gadhafi yatwaza igitugu, akuwe.

Inyuma y’aho uyo murwi w’abaislamiste ufatiye ikibanza c’indege ku musi wa gatandatu, abo bagwanyi bazwi kw’izina Mistratis, baciye batera amastudio ya television y’uwundi murwi bitacana uwaka witwa Zintan, maze barasambura ibikoresho, bongera bagira imbohe abakozi bakorera iyo television.

 

uru rubuga rurafunze
Ibitekerezo
     
nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga

Amakuru

Amakuru Mu Gitondo

Amakuru Mu Gitondo

Amakuru Ku Mugoroba

Amakuru Ku Mugoroba