Ku wa kane, Kanama 28, 2014 isaha yo mu karere 14:27
irembo ry ibiganiro
Multimedia
 Radiyoyacu
 Kira
 Tujahe

 YouTube
 VOA60
 PhotoGallery

Ibirimo / Muri Afurika

Somaliya: Umuririmvyikazi w'Umushingamateka Yarishwe i Mogadisho

Abarwanyi b'umurwi al-Shabab
x
Abarwanyi b'umurwi al-Shabab
VOA Africa

Umuririmvyikazi azwi cane w’umunya Somalia, Saado Ali Warsame, yari kandi umushingamateka, yarishwe n’abarwanyi b’aba Islamu.

Umurwi w’abarwanyi, al-Shabab, wariyitiriye iyicwa rya Warsame, yarashwe ku musi wa gatatu, hanze y’ihoteri Ambassador, ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadisho.

Icabona yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali, kw’abantu bitwaje ibirwanisho bari mu modoka barashe, Saado Ali Warsame, incuro zitari nke, mu gikiriza, hanyuma baca barazimangana.

Umushikiranganji wa mbere wa Somalia, Abdiweli Sheikh Ahmed, yariyamirije yivuye inyuma iyicwa rya Warsame.

Warsame yari umuririmvyikazi yari azwi neza, yahoze aba mu gisagara ca Minneapolis, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Warsame yarasubiye muri Somalia, mu mwaka w’2012, aba umwe mu bapfasoni, bari ku rushi, bari mu nama nshingamateka nshasha ya Somalia.

Abaye umushingamateka agira kane yishwe n’umurwi al-Shabab, muri uyu mwaka.

Umurwi al-Shabab, wariyitiriye iraswa ry’umushingamateka, Mohamed Mohamud Hayd, mu ntango z’uku kwezi, n’iyicwa ry’abandi bashingamateka babiri, mu kwezi kwa kane.

 

uru rubuga rurafunze
Ibitekerezo
     
nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga

Amakuru

Amakuru Mu Gitondo

Amakuru Mu Gitondo

Amakuru Ku Mugoroba

Amakuru Ku Mugoroba